Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se Mwene Abdu l-Muttwalibu) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'im...
Igihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarungika Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) mu gihugu ca Yemeni kugir...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwuzogirirwa ibakwe kurusha abantu bose mu gusabirwa na yo ku musi w'izuka,...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze...
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)...
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah)...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ategeka ko hashikirizwa ubumenyi bushingiye ku nyigisho n'imigenzo yiwe canke ku Gitabu...
Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se Mwene Abdu l-Muttwalibu) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yabwiye Mu'aadhi mwene Jabali, igihe imurungika muri Yemeni iti: " Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah. Nibakwumvira kuri ivyo bakemera, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gusenga amasengesho atanu ku musi (ijoro n'umurango). Nibakwumvira kuri ivyo bagasenga gatanu ku musi, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gutanga ishikanwa-bwirizwa, ritangwa n'abakire muri bo rigahabwa abakene muri bo. Nibakwumvira bagatanga nya shikanwa-bwirizwa, uraheza wirinde(woye) kuvogera amatungo yabo y'agaciro, utinye no guhitanwa n'igisabisho c'uwurenganijwe; kuko ata kikibuza kwakirwa n'Imana Allah".
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko uzomusabira ku musi w'izuka?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yishuye iti: "Ewe Abu Hurayra! Ni ukuri, nari nzi ko ata wundi n'umwe yogutanga kumbaza kuri iyi nyigisho, ku kungene nabonye umwitwarariko ufise mu kwakira inyigisho z'intumwa. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe".
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze ati: "Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera".
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".