Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se Mwene Abdu l-Muttwalibu) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'im...
Igihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarungika Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) mu gihugu ca Yemeni kugir...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwuzogirirwa ibakwe kurusha abantu bose mu gusabirwa na yo ku musi w'izuka,...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze...
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza akihanikiriza kurenza urugero rurekuwe n'amategeko mu kumuhayagiza bamutazira ama...
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah)...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ategeka ko hashikirizwa ubumenyi bushingiye ku nyigisho n'imigenzo yiwe canke ku Gitabu...

Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se Mwene Abdu l-Muttwalibu) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yabwiye Mu'aadhi mwene Jabali, igihe imurungika muri Yemeni iti: " Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah. Nibakwumvira kuri ivyo bakemera, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gusenga amasengesho atanu ku musi (ijoro n'umurango). Nibakwumvira kuri ivyo bagasenga gatanu ku musi, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gutanga ishikanwa-bwirizwa, ritangwa n'abakire muri bo rigahabwa abakene muri bo. Nibakwumvira bagatanga nya shikanwa-bwirizwa, uraheza wirinde(woye) kuvogera amatungo yabo y'agaciro, utinye no guhitanwa n'igisabisho c'uwurenganijwe; kuko ata kikibuza kwakirwa n'Imana Allah".

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko uzomusabira ku musi w'izuka?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yishuye iti: "Ewe Abu Hurayra! Ni ukuri, nari nzi ko ata wundi n'umwe yogutanga kumbaza kuri iyi nyigisho, ku kungene nabonye umwitwarariko ufise mu kwakira inyigisho z'intumwa. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe".

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".

Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo"".

Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze ati: "Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera".

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".

Mu vyakiriwe na Jundubu (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hasigaye amajoro atanu ngo ahwere (imbere yuko ahwera ku majoro atanu), ariko aravuga ati: " Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo; iyo rero nza kuba nogira umukunzi nkoramutima mu bo narungitsweko, nari kugira Abu Bakari umukunzi nkoramutima wanje. Bantu! Nimwumve mwumvireho, mu vy'ukuri mu bantu bo hambere yanyu, harabayemwo abagira imva z'Abavugishwamana babo n'iz'aberanda muri bo, kuba imisigiti. Bantu! Nimwumve mwumvireho, ntimukagire imva kuba imisigiti, n'ukuri jewe ndabibihanikirije (ndabibabujije)"".

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se wiwe mwene Al-Khattwaab), yavuze ko yumvise umuntu avuga ati: "Eka ndarahiye kw'izina rya Al-Ka'ba!". Mwene Omari aca avuga ati: "Ntukarahire ku kitari Imana Allah; kuko narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije"".

Mu vyakiriwe na Abu Sa'iid Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya"".

Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze iti: "Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro". Ivyo yabivuze ibisubiramwo incuro zitatu".

Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati: "Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene"".