- Ukurenga imbibe z'amabwirizwa y'ubwislamu ku vyerekeye imva z'Abavugishwamana n'iz'aberenda, bituma nya mva zisengwa mu gishingo c'Imana Allah, ni ngombwa rero kwiyubara ivyotuma haba ibangikanyamana.
- Ntibirekuwe gutumbera imva mu kuzubaha no mu kuzikorerako ibikorwa nyegerezamana n'aho nyene iyo mva yoba ari umweranda atonye cane ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
- Kirazira kikaziririzwa kwubaka imisigiti ku mva.
- Kirazira kikaziririzwa gusengera ku mva n'aho umuntu atoyubakako umusigiti, kiretse gusa mu gihe ikiziga coba cahambwe kidasengewe.