- Icubahiro ca Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire), ni uko yari yubashwe cane kurusha izindi ngendanyi, ni n'uko ari we yari akwiye gukorera mu ngata Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyuma yo gupfa, mu kurongora abantu.
- Ukwubaka imisigiti ku mva, kiri mu vyari bibujijwe no ku bantu bo hambere.
- Ibuzwa ryo kugira imva ahantu hokorerwa ibikorwa nyegerezamana; nko kuhasengera canke kuhagira ubutumbero bwo gusenga, kuhubaka imisigiti canke iminara y'ivyibutso, ivyo vyose rero bikaba bibujijwe mu ntumbero yo kwamirira kure no kuzitira ivyotuma abantu bagwa mw'ibangikanyamana.
- Ukwamirira kure (ukwiyamiriza) urukundo ndenzarugero ku beranda kuko rwotuma hibonekeza ibangikanyamana.
- Ukwerekana ububi bw'ivyiyamirijwe bikamirirwa kure n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); ku buryo yashimangiye ibuzwa ryavyo amajoro atanu imbere yuko ahwera.