- Insiguro y'iyemanga ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", ni ugutumbera Imana Imwe Rudende Allah mw'irangura ry'ibikorwa nyegerezamana, hamwe n'ukudatumbera ikitari Yo mw'itunganywa ryavyo.
- Insiguro y'iyemanga ko Muhamadi ari Intumwa y'Imana "WA-ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH", ni ukwemera ko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, ukemera ivyo yarungikanywe, hamwe rero n'ukwemera ko ari yo Ntumwa ya nyuma yarungitswe n'Imana Allah ku biremwa.
- Uburyo bw'ukuyaga n'umumenyi canke uwufise amakenga mu kwemera, si co kimwe n'uburyo bukoreshwa mu kuyaga n'wutagira ubumenyi; akaba ari na co gituma Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yibukije Mu'aadhi ikamubwira iti: "Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu".
- Akamaro ko kuba umwislamu atahura idini ryiwe, kugira ashobore kwishura ku makenga y'abakekeranya ku bwislamu, ivyo na vyo bikaba vyoshoboka gusa biciye mu kurondera ubumenyi.
- Kuba idini ry'abayahudi n'iry'abanaswara ritacemewe mu nyuma y'irungikwa ry'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uko batari mu bazorokoka umuriro udahera mu gihe batokwinjira mw'idini ry'ubwislamu, no mu gihe batokwemera Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).