- Kuziririza idadika, n'umuntu kwihambirira ku vyo adashoboye, hamwe rero n'uguhimiriza kuvyirinda mu bintu vyose umuntu akora; na canecane mu bikorwa nyegerezamana no mu kwubaha n'ukwubahiriza aberanda.
- Kurazwa ishinga no gukora ibitunganye mu bikorwa nyegerezamana no mu bindi bikorwa, ni ikintu ciza gishimwa; ivyo na vyo bigatungana mu gihe hakurikijwe amategeko y'idini.
- Birabereye gushimangira mu kwitaho gukora igikorwa gihambaye kuruta ibindi; kuko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarashimangiye iryo jambo arivuga incuro zitatu.
- KWEREKANA UBUTORE N'UBWOROHE MU MATEGEKO Y'UBWISLAMU