- Ugukundisha abantu ko bashikiriza abandi amabwirizwa y'Imana Allah; n'uko umuntu wese ategerezwa gushikiriza abandi ivyo yize agatahura n'aho vyoba ari bike.
- Ukurondera ubumenyi bw'idini, ni ngombwa kugira ngo umuntu ashobore gutunganya neza ibikorwa nyegerezamana asabwa n'Imana Allah, hamwe rero n'ugushikiriza amabwirizwa yayo mu buryo bwiza kandi bwemewe.
- Imbere y'ugushikiriza canke gukwiragiza inyigisho iyo ari yo yose, ni ngombwa ko umuntu yitaho kubanza gutohoza ukuri ku bijanye na yo. Ivyo akabikora ku kwiyubara kugwa mu basezeraniwe ibi bihano bikaze.
- Uguhimiriza kwisunga ukuri mu majambo, n'ukwinengesera mu vyo umuntu ashikiriza; kugira ntasange aguye mu kinyoma na canecane mu gushikiriza ivyerekeye amabwirizwa y'Imana Allah.