- Iyi nyigisho y'intumwa, ifatwa ko ari ibwirizwa mu kwerekana inzego zikurikizwa mu kubuza ikorwa ry'ikibi.
- Itegeko ryo gukurikiza izo nzego mw'ibuzwa ry'ikibi, ryubahirizwa hisunzwe uburyo n'ubushobozi umwumwe wese afise.
- Itegeko ry'ibuza ry'ikibi, ni umuryango wagutse mw'idini ku buryo ata n'umwe yoryigobotora, umwislamu uwo ari we wese rero, abwirizwa kurishira mu ngiro yisunze uburyo n'ubushobozi afise.
- Itegeko ryo kubwiriza gukora iciza n'iryo kubwiriza kureka gukora ikibi, biri mu bintu biranga ukwemera; ukwemera na kwo rero, burya kuriyongera canke kukagabanuka hisunzwe ibikorwa.
- Igisabwa mu kwubahiriza itegeko ryo kubwiriza kureka gukora ikibi, ni ubumenyi bujanye na nya kibi kibuzwa.
- Igisabwa mu kubwiriza kureka gukora ikibi, ni uko hatoba inkurikizi zotuma hakorwa ikindi kibi kikiruta mu bubi.
- Ukubuza ikorwa ry'ikibi, kurafise urupfasoni n'ibisabwa vyubahirizwa, bikaba ari ngombwa ko umwislamu abanza akavyiga akabitahura.
- Ukubuza hamwe n'ukwamirira kure ikorwa ry'ikibi, birakeneye ubumenyi bw'idini bw'ukuntu bigenda, bigakenera n'ubumenyi hamwe n'ubukerebutsi muri rusangi.
- Ukutanka n'ukutankiriza ikibi ku mushaha, vyerekana ukwemera kugoyagoya.