- Gukundisha abantu ibikorwa vyiza n'aho vyoba bike; hamwe rero n'ukugabisha abantu gukora ibikorwa bibi n'aho vyoba ari bike.
- Ni ngombwa rero ko umwislamu mu buzima bwiwe arangwa n'ukwizigira guhemberwa ivyiza akora hamwe n'ugutinya guhanirwa ivyaha akora, hamwe rero n'ugusaba Imana Allah igihe cose ko Yomutsimbataza ku kuri kugira arokoke ntahave anahendwa n'ivyo akora.