Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah), yavuze iti: "Umuriro ud...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana neza na neza, ko umuriro udahera ukikujwe n'ibintu umuntu akunda akavyipfuza m...
Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uud (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega burya tuzohanirwa ivyo...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana ivyiza vy'umuntu kwinjira mu bwislamu. Aranerekana ko uwubaye umwislamu hanyuma...
Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ugusugutura gus...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko ukwoza amenyo ukoresheje umujigiti w'igiti "Araki" canke w'ikind...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yahora ivuga iti: "Amase...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana mu kwerekana ko amasengesho atanu ategetswe gusengwa ku musi ijoro n'umurango, ise...
Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah Irag...
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ararikira abantu kurangwa n'impuhwe mu kworoherezanya mu bugwaneza mu gihe co kugurisha...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah), yavuze iti: "Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yahora ivuga iti: "Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura".
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati: "Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".
Mu vyakiriwe na Sahli mwene Sa'di (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze iti: "Uwonyemerera mu kwishinga ko acungera akanwa kiwe (mu kutagakoresha mu bizira), agacungera n'ibihimba vyiwe vy'irondoka (mu kudasambana), nokwemera kumwishingira ko azoja mu Bwami bw'ijuru".
Mu vyarakiriwe na Al-Miqdaam mwene Ma'dii Karib (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati: "Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".