- Ivyaha rutura, ntibigizwe gusa n'ivyaha indwi, ariko rero igenwa ry'ivyaha indwi, ni mu ntumbero yo kugaragaza ko ari vyo bibi cane kandi bihambaye kurusha ibindi.
- Irekurirwa ryo kwica ikiremwa gifise ubuzima, mu gihe hubahirijwe ukuri; ni nko mu gihe hishwe uwishe, ukuva mw'idini (ukwiyonkora mw'idini), hamwe rero no kurenga ibigo mu nyuma y'aho umuntu amaze kwubaka urwiwe. Iki gihano gishirwa mu ngiro n'umucamanza ashinzwe iyubahirizwa ry'amabwirizwa y'ubwislamu.