- Mu vyaha (ibicumuro), harimwo bitobito hakabamwo na rutura.
- Ibabarirwa ku vyaha bitobito, risaba ko umuntu yirinda gukora ivyaha rutura.
- Ivyaha rutura, ni birya vyaha vyagenewe igihano nyezina gihabwa uwagikoze kw'isi, canke agasezeranirwa kugihanirwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa, canke kugirirwa umwikomo n'Imana Allah, canke hakihanizwa canke hakavumwa uwobikora; nk'icaha co gusambana no kunywa inzoga.