- Kwunga ubuvandimwe bwemewe mu bwislamu, ni uko wokunga ubw'uwuguciye mu bandi, ukababarira uwukurenganije, ugaha n'uwukwimye, si ukwunga ubucuti bw'uwaguhaye mu ntumbero yo kumusubiriza mu ndumane canke kugira ineza ku yindi.
- Kwunga ubuvandimwe rero, bikorwa mu kugirira neza abandi mu buryo ubwo ari bwo bwose bushoboka; haba mu kubaha mu matungo, mu kubasabira ku Mana Allah, mu kubabwiriza gukora ivyiza no kubabuza gukora ibibi, n'ibindi, hamwe rero no mu kubakingira inabi mu buryo ubwo ari bwo bwose, iyo izanana hose.