- Bimwe mu bituma abantu batwarwa n'ivyipfuzo vyabo maze bakagwa mu vyaha, ukuryoherezwa na shetani ugukora ibibi n'ibicumuro, kugera n'aho umuntu abona nya kibi canke nya gicumuro nk'aho ari iciza maze akagihurumbira.
- Ni ngombwa kwubahiriza ibwirizwa ry'ukwirinda gutwarwa n'ibihendamaso vy'isi mu gukora ibizira, kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu muriro udahera; hakubahirizwa n'ukwihanganira ibidakundwa n'abantu mu gukora ibisabwa, kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu Bwami bw'ijuru.
- Ivyiza vyo guhangana n'umushaha mu kugira akigoro ko guhurumbira ibikorwa nyegerezamana, hamwe rero n'ukwihanganira gukora ibisabwa bidakundwa n'abantu hamwe n'uburemere buri mu kwubahiriza ibikorwa nyumviramana.